UTURORERO TW'INGORANE | IRYAPFUNDITSWE | INSIGURO CANKE IMVO
|
---|
1. Ivyo ari vyo vyose/ Ivy'ari vyo vyose | Ivyo ari vyo vyose | Mu ryungane amajambo yose arandikwa.
Muramenye: iyo ako kajambo ivyo ari ins. nsanisha, ijwi o risubirirwa n'agakwabu ko hejuru imbere y'ijwi rivuga. Uturorero: Ivy 'aha vyama mu nzira. Ivy 'abakuru birubahwa. No ku zindi nsigarirazina nsanisha ni hamwe: Ak 'imuhana kaza imvura ihise. Iz 'umutware ziratashe. Ab 'ino ni ko bameze.
|
2. Yohani yari iguye/ Yohani yari aguye | Yohani yari aguye | Umugwi wa mbere w'amazina ufise inyitangizo rukozi a-. Abavuga yari iguye barahuba kuko basimba ijwi rya kabiri aho gusimba irya mbere.
|
3. - Yohani na Petero bajanye/vyajanye
- Yohani na ya nyabu bajanye/vyajanye
- Yohani na ya ntebe baguye/vyaguye
| - bajanye
- vyajanye
- vyajanye
| Inyitangizo rukozi y’umugwi wa kabiri w’amazina ni ba-, igihe ata gikoko canke ikintu kirimwo. Muri ico gihe ica iba bi-.
|
4. - Amazina y'urunani y'urusangi
- Amazina y'ubucuti
- Izina ry'urunani rigizwe n'amazina abiri
- Amazina abiri afatanijwe n'insanisha
- Amazina agizwe n'amavuga abiri
- Amazina y'urunani agizwe n'ayandi majambo adasangiye ubwoko
- Amazina yunzwe n'agace nya canke ene
- Amazina y'urunani y'uruharo
- Amazina arimwo insanisha
- Amazina atarimwo insanisha
- Izina riherekejwe n'utundi tujambo turirangura
| -
- serugo, inarugo, sokuru, nyokuru, marume, sowanyu, mwenewanyu, datawacu, karumunake, ...
- inka – muntu
umwana - mugabo - inka y'irembo
inkono y'itabi - somambike
igisoromandandura - ikibonamaso
amayirabiri - umunyabwoba
Umwenengwe akenese -
- Maguru ya nyarwari
Rukundo rwa Ntare - Rutegeramisi
Kibikizozejo Ndayamutaye - Rufuku rwafukuye
Uburundi Kivumu kitari ikivumuvumu | -
- Amazina y'ubucuti yandikwa mw'ijambo rimwe
- ayo mazina atandukanywa n'agakwego
- Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
-
- Ayo mazina yandikwa mu majambo atatu
- Ayo mazina yandikwa mw'ijambo rimwe
- Iryo zina riraheza rikandikwa ukwaryo, ayandi majambo na yo akandikwa ibisanzwe.
|
5. - nyene
- Nyene + izina
- Nyene + irivuga
nyene + ins. - nyene
- mwene + izina ry'urusangi
- mwene + izina ry'uruharo
| -
- nyenigihugu
nyeningoma nyenurugo nyeninzu nyenicubahiro - nyene kurima
nyene vyo nyene ho -
- mwene senge
mwene nyinabo - mwene Nteturuye
| -
- Vyandikwa mw'ijambo rimwe.
- Vyandikwa mu majambo abiri.
-
- Vyandikwa mu majambo abiri.
|
6. amazi yo gukaraba/ Amazi y'ugukaraba Umwete wo kwiga/ Umwete w'ukwiga | Vyose birashoboka. Mw'isomerwa umunyeshure azokwandika ico yumvise. | Abarundi babivuga vyose. |
7. - Mu kubikora/
mukubikora Mu kunebwa/ mukunebwa - Yuriye ku nzu/
kunzu Yinjiye mu nzu/ munzu - Ku shami/kw'ishami
ku nzu/kw'inzu | - mu kubikora
mu kunebwa - Yuriye
ku nzu Yinjiye mu nzu - kw'ishami
ku nzu | -
- ku na mu ni utujambo twisangije ubwoko, tudakwiye gufatana n'ijambo turongoye.
|
8. mu ko/muko ndabikora ubanza kumpera | mu ko | Iyi sahwanya igizwe na zibiri mu + ko . Ni hamwe na: mu kubikora , ko ndabikora . |
9. - I muhira/imuhira
I ruhande/iruhande I mbere/imbere Inyuma/inyuma - I Bujumbura/Ibujumbura
- Ha ruguru/haruguru
Ha mbavu/hambavu Ha mbere/hambere Ha nyuma/hanyuma - Iwanje/iwa nje
Ukwiwe/Ukw'iwe - ha + irivuga
| - I muhira
Iruhande Imbere Inyuma - I Bujumbura
- haruguru
hambavu hambere hanyuma - iwanje
ukwiwe - ha gupfa
wozanzama ha kurya wonywa | Indongorazina i , na ha zirongoye izina, vyandikwa mw'ijambo rimwe, kiretse iyo zirongoye izina ry'uruharo, no mw'ijambo i muhira . Muri iryo jambo hari aho batanavuga iyo ndongorazina. Ahandi hose izo ndongorazina zihindura amazina mu ntumbuzi D. Indongorazina iri muri satunga birafatana. E. ha = hako. Ni sahwanya. |
10. - Aho haragutse
nayo/na yo hano haraga - Naho/na ho
niwagaruka - Nako/na ko
umengo araje - Noneho/none ho
araje | - nayo
- naho
- nako
- noneho
| Ayo majambo yose ni za sahwanya. Uduce ho , ko , yo , nta co dusigura. |
11. - N'aho/naho
wogaruka sinoguha - N'iyo/niyo woza
sinokubona | - n'aho
- n'iyo
| Ngaha sahwanya zigizwe na zindi zibiri: n'aho = na + aho , n'iyo = na + iyo . |
12. Uwu mwaka na ho/naho nyene tuzokwimbura | na ho | na = sahwanya ho = ins. muv. ngufi. |
13. Imisi y'indwi | ku wa mbere uwa mbere uwa nyuma | Akajambo kerekana igiharuro mbere kaja ukwako, akerekana umurongo wa , uwa gutyo , indongorazina ku gutyo nyene. |
14. Ins. muv. ngufi + uduce ho , ye , e , he . | Jeho, tweho, weho, yemwe, yewe, ewe, emwe, hemwe, hewe | Utwo duce nta bwoko twisangije, twunga ins. muv. |
15. Ins. muv. ngufi + nyene | - jenyene =
nta we turi kumwe - je nyene =
jewe nyene - bonyene =
nta we bari kumwe - bo nyene =
bobo nyene | Ins. muv. ngufi zirongora agace nyene birafatana, kiretse zikoreshejwe mu kibanza c'ins. muvugwa ndende. |
16. - ngo ego/ngw'ego
ngo uyu muntu/ ngw'uyu muntu aze - kugira ngo aze/
kugira ngw'aze - uko aje/ukw'aje
- ko ushitse/
kw'ushitse | - ngo ego
ngo uyu muntu aze - kugira ngo aze
- uko aje
- ko ushitse
| Ijwi o rihereza sahwanya zimwezimwe ngo, kugira ngo, ko, uko, yuko rikurikiwe n'ijwi rivuga ritangura irindi jambo, n'aho ritavugwa rirandikwa. |
17. - Ni umuntu/n'umuntu
Si umuntu/s'umuntu - Abenshi ni ko bavuga/
Abenshi niko bavuga Abenshi si ko bavuga/ Abenshi siko bavuga Ego ni ko/ego niko Oya si ko/oya siko - Avuga ko/avugako
- Bakame rero ni ko/
niko kwibaza ruti - Ni uko/nuko batevye mba ngiye
- Nuko/ni uko
mukunzi muhire Ni uko/nuko rero Bakame rukagenda Ego ni uko/nuko Oya si uko/suko - Ivyo ni vyo/nivyo
mvuga Ivyo si vyo/sivyo mvuga Iyo ni yo/niyo mvo Iyo si yo/siyo mvo | - Ni umuntu
Si umuntu - Abenshi ni ko
bavuga Abenshi si ko bavuga ego ni ko oya si ko - avuga ko
- ni ko
- Ni uko batevye
- ni uko mukunzi
muhire ni uko rero Bakame rukagenda Ego ni uko Oya si uko - Ivyo ni vyo
mvuga Ivyo si vyo mvuga - Iyo ni yo mvo
| Inshozi ni na si ni utujambo turi ukwatwo, kamwe kakaba inyemezi akandi impakanyi. Utwo tujambo dutegerezwa kuguma ukwatwo kuko dushobora gusubirira amavuga mu mungane atagira amavuga. Intumbuzi y'ukwemera ko ikurikiye irivuga canke inshozi biratandukana. |
18. Ni mwinjire/ nimwinjire Nti mwinjire/ ntimwinjire Si ndabishaka/ sindabishaka | Nimwinjire ntimwinjire sindabishaka | Igihe utujambo ni na si ari imenyetso nyemezi canke mpakanyi z'irivuga, duca dufatana n'iryo rivuga. |
19. Ng'uyu/nguyu ng'abariya/ngabariya | Ng'uyu ng'abariya | Inshozi ng iguma ukwayo kuko n'aho yama ifatanye n'ins. rugena, yisangije ubwoko. |
20. Ata cigeze/atacigeze Nta cigeze/ntacigeze Nta wurya/ntawurya akatamugoye | ata cigeze nta cigeze nta wurya akatamugoye | Utugetugetu tw'uguhakana nta na ata tuja ukwatwo kuko ari amajambo yisangije ubwoko |
21. Kugira ngo/kugirango | Kugira ngo | Iyo sahwanya igizwe na zindi zibiri: kugira na ngo . |
22. - Nkûkó/nk'ûkó
- Nkǔko/nk'ǔko
| - nk'ûkó
- nk'ǔko
| - Iyi sahwanya igizwe na zindi zibiri:
nka na uko . - Aya majambo ni abiri, rimwe ni sahwanya,
irindi ni ins. rugena yubakiwe ku ndongorazina. |
23. Avuze yuko/y'uko ataza | yuko | Sahwanya ni yuko kuko y ntiyoba insanisha. |
24. Ins. rugena + ri | Uwo ari we wese Ico ari co cose | Ijwi o rihereza ins. rugena irongoye irivuga -ri rirandikwa. |
25. Nzoza ejo/ Nzozejo | Nzoza ejo | Irivuga ritegerezwa kwirebanga. |
26. - Ejo bundi/ejobundi
- Hirya y'ejo/hiryayejo
| - ejobundi
- hirya y'ejo
| - Iyo ntumbuzi yandikwa mw'ijambo rimwe
- Iyo ntumbuzi igizwe n'amajambo abiri
afatanijwe n'insanisha. |
27. Igitabu ciwanje/c'iwanje | - ciwanje =
canje - c'îwânjé = c'i muhira
| Bivana n'ico bashaka kuvuga: canje = /ki-a-nje/ ciwanje = /i-a-iwa-nje/ c'îwânjé = /ki-a-i-iwa-nje/ |
28. Na , nka + Ins. Muv. ngufi | nanje, nkanje, na je, nka je, na bo, nka bo, na vyo, nka vyo, na co, nka co | Insigarirazina muvugwa ngufizikurikiye sahwanya na na nka biratandukana, kiretse kuri nanje na nkanje kubera ko iyo nje itabaho yonyene. |
29. Irivuga + + sahwanya ko | Sinzi ko nzoza ejo. bavuga ko babizi | Iyi sahwanya ko bayandika ukwayo, ishobora gusubirira yuko . |
30. Na ko/nako nkako/nka ko | nako nkako | Vyandikwa mw'ijambo rimwe kuko ko nta bwoko kisangije. Nako umengo araje. Kukaba nkako |
31. - Irivuga + intumbuzi y'ikibanza
ko , ho , yo , mwo . - Irivuga + ins. muv. ngufi
ko , ho , yo . | - shirako,
shirayo, shiramwo, shiraho, hariyo, hariho, harimwo, hariko, mfisemwo, mfiseho, mfiseko, mfiseyo. - Bihereze Imana
Bihereze yo . Shira ka kayabu kandi urabe yuko wahaye ko . Ubwo badodoye ho ? | - Izi ntumbuzi uko ari zine: ko, ho, yo, mwo
zikurikiye irivuga zitegerezwa gufatana na ryo. - Igihe utujambo ko, ho, yo, ari
ins. muv. ngufi, twandikwa ukwatwo. |
32. Irivuga mperekeze ri + ko | Uriko urarima twariko turiga | Irivuga ri iyo ari mperekeze, rirafatana n'agace ko . |
33. Amajambo yisubiriza | canecane bukebuke buhorobuhoro | Ayo majambo yandikwa mw'ijambo rimwe.
|